Amakuru
23 septembre 2021

Abategetsi b’Uburundi ntibitayeho indero mu gihugu

Abavyeyi n’amasendika y’abigisha bategerezwa guhaguruka kugira biyamirize ingeso yo gusohora abanyeshure kugira bategere abantu bakomakomeye. Ako ni akamo ka Charles Nditije, umuhinga mu bijanye n’indero. Abivuze afatiye ku rwaruka rwari rwatondetswe ku mabarabara kuri uyu wa gatatu bategereye umunonotsi Francine Niyonsaba yari atahutse mu Burundi. Ivyo bikibutsa n’ibindi bihe nk’umunsi Révérien Ndikuriyo yagendera intara ya Makamba inyuma y’aho atorewe kuba umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD. Kubwa Charles Nditije, ngo ico ni ikimenyetso ko leta ifashe minenerwe ikibazo c’indero.