Amakuru
18 septembre 2021

Biragoye ariko birashoboka ko leta iriha amadeni ifitiye amashirahamwe ayegukira

Kuriha amadeni ku mashirahamwe akoresha imitahe ya Leta yahomvye ntibikwiye. Kandi hari ibitari bike bikenewe imbere y’uko ashikiriza uko yonagurwa. Ako ni akagohe ka Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe rirwanya ibiturire n’isesagura ry’amatungo ya Leta (OLUCOME). Gabriel Rufyiri ahanura ko hokwikorwako abahinga ba karuhariwe mu makungu kugira bafashe gusubiza mu buryo ayo mashirahamwe. Uwo arongoye OLUCOME akabivuga afatiye ku karorero ka ONATEL.