Umukuru w’igihugu arashobora gusubiramwo imanza zitaciwe neza mu masentare. Ivyo biri mw’itangazo riheruka gushirwa ahabona n’umuvugizi w’umukuru w’igihugu Evelyne Butoyi. Ingingo idashigikiwe na bamwe mu bize ivy’amategeko. Kubwa Gustave Niyonzima, arongoye urunani rw’abashingwamanza baburanira abakorewe amabi y’agahomerabunwa mu Burundi (CAVIB), ngo umukuru w’igihugu nta bubasha afise bwo gusubiramwo izo manza. Kuko ngo izina ry’umucamanza mukuru afise ngo arifise kugira ngo yubahirize ubwigenge bw’ubutungane kugira ibikorwa vyabwo bigende neza.
Amakuru
18 septembre 2021