Amakuru
10 septembre 2021

Ikiganiro « Agateka k’umukenyezi »

Mu rukurikirane rw’ikiganiro « Agateka k’umukenyezi » gishikirizwa n’umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano, uyu munsi batuyagira ku mategeko agenga imiryango. Umwe mu banywanyi b’uwo muhari avuga ko abubakanye bakwiye gufashanya mu buryo bwose kuko urugo ari babiri kandi ari magiriranire.