Amakuru
10 septembre 2021

Ukuboko kw’umukuru w’igihugu c’Uburundi kurakenewe cane mu kurwanya ikiza ca Corona

Mu kunyegeza ibitigiri vy’ukuri vy’abarwaye Corona, leta y’Uburundi ngo yanka kwivuguruza kubera yatanguye ihakana ko ico kiza ata kihari mu Burundi. Bivugwa na Muganga Yohani Minani, yahoze ari umushikiranganji w’amagara y’abantu. Yibutsa leta ko uwuja gukira ingwara ayirata, agasaba kandi umukuru w’igihugu we nyene gufata mu ntoke ico kibazo co guhangana n’igwirirana ry’umugera wa Corona amazi atararenga ingombe. Muganga Yohani Minani yishura ku bibazo vya Innocent Muhozi.