Umurwi w’igihugu ujejwe kurwanya ikiza ca Corona mu Burundi umenyesha ko abanyeshure biga mu mashure afise uburaro bagiye gupimwa ico kiza imbere y’uko batangura umwaka w’ishure mushasha. Vyamenyeshejwe kuri uyu wa kabiri na Jean Baptiste Nzorironkankuze, umunyabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu, hari mu kiganiro n’abamenyeshamakuru.
Amakuru
25 août 2021