Amakuru
21 août 2021

Umuryango nirwo rufatiro nyamukuru mu mibereho y’abantu

Mu rukurikirane rw’ikiganiro « Agateka k’umukenyezi » c’umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano, uno munsi batubwira igitabo kigenga ingo n’imiryango. Marie Louise Baricako, arongoye uwo muhari, amenyesha ko ibwirizwa nshingiro ryemeza ko umuryango arirwo rufatiro rwa mbere mu mibereho y’abantu. Ubugeni nabwo bukaba ishimikiro ry’umuryango.