Amakuru
14 août 2021

Igwirirana ry’ikiza ca Corona mu Burundi

Ibitigiri vy’abandura umugera wa Corona birabandanya kwibonekeza mu gihugu c’Uburundi. Abantu 212 nibo batowe ko banduye uwo mugera ku 5813 bapimwe kw’igenekerezo rya 11 Myandagaro 2021. Mu turere tw’ubuvuzi dupima abantu mu Burundi, tubiri muri two nitwo twibonekezamwo cane ico kiza, ni ukuvuga ku rugero rwo kwandura rurenza ibice bitanu kw’ijana rw’ifatiro, nayo utundi turere indwi tukaba turi ku rugero rurenga ibice bine kw’ijana.