Amakuru
11 août 2021

Abarenga 76 baratowe umugera wa Corona mu bitaro bikuru bibiri vyo ku murwa mukuru w’intara ya Ruyigi

Abantu barenga 76 nibo batowe umugera wa Corona mu bitaro bikuru bibiri vyo ku murwa mukuru w’intara ya Ruyigi mu mpera z’indwi iheze. Nk’uko amakuru ava mu Ruyigi abivuga, abandi 21 nabo batowe mu makambi abiri y’impunzi ari muri Nyankanda na Bwagiriza. Izo mpunzi zoba zanduye uwo mugera kubera abarwayi bungurujwe bavanwa mu gisagara ca Ruyigi bajanywe kurwarira mu bitaro bibiri vyo Kw’isumo muri komine ya Butezi. Bamwe mu baganga bakaba bafise ubwoba kubera umuvuduko ico kiza kiriko kirafata muri iyo ntara.