Amakuru
5 août 2021

Ukunyuruza abantu n’ubwicanyi bukorwa na leta

Kubona abantu bafatwa n’inzego zizwi hama bakagenda mazimayongo ngo birababaje. Bivugwa na Gervais Nibigira, icegera c’uwurongoye urunani rw’Abarundi b’intungane (RCP), inyuma y’ifatwa agasakisaki ry’abanywanyi b’umugambwe CNL. Gervais Nibigira agasaba Leta ko mu gufata umuntu, boza baracisha mu nzira zizwi n’amategeko.