Mu rukurikirane rw’ikiganiro « Agateka k’umukenyezi », umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi, utuyagira uko abakenyezi bategerezwa kumenya ingene barwanira agateka kabo mu kwitaho amategeko agenga ingo n’imiryango avuga ingene hategekanywa ivyo gushikiriza umukenyezi ibisigi vy’umugabo wiwe mu gihe yitavye Imana. Umuhari Inamahoro uratera akamo abakenyezi bose kwitaho ayo mategeko.
Amakuru
1 août 2021