Amakuru
1 août 2021

Abafungwa bamwe bamwe baraguma mu mabohero kandi barahejeje umunyororo wabo

Ishirahamwe ACAT-Burundi riharanira agateka ka zina muntu riratewe umutima uhagaze n’abanyororo baguma bafunzwe kandi barahejeje umunyororo baciriwe na sentare canke barejejwe n’ubutungane. Ivyo biri mu cegeranyo iryo shirahamwe ryashize ahabona kuri uyu wa gatanu. Kubw’umushingwamanza Jean Claude Ntiburumunsi, ajejwe igisata c’amategeko mw’ishirahamwe ACAT-Burundi, avuga ko amabohero ya Mpimba, Gitega na Muramvya ariyo mabohero yigaragazamwo ubwinshi bw’abanyororo batararekurwa kandi bakwije ibisabwa. Agasaba umushikiranganji w’ubutungane kwubahiriza amategeko mu gutunganiriza abo banyororo.