Ayarenga imiliyaridi 150 y’amafranga y’amarundi yo guhangana n’ikiza ca Corona niyo ikigega mpuzamakungu caraye cemeye gufashisha igihugu c’Uburundi. Ishirahamwe OLUCOME rigasaba leta ko iyo mfashanyo yokora ico igenewe, ntihave iherera mu mifuko y’abategetsi nk’uko vyahora vyibonekeza mu mfashanyo zahora ziza mu gihugu zigenewe kurwanya ikiza ca SIDA. Gabriel Rufyiri, arongoye iryo shirahamwe, agasaba umukuru w’igihugu gutanga ubutumwa ku bazokoresha ayo mafaranga anabihanize kuyanyuruza.
Amakuru
31 juillet 2021