Amakuru
29 juillet 2021

ONU yari ikwiye kwikubita agashi ikagarukira ku bateshejwe izabo bahungiye hagati mu gihugu bariko baratotezwa

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryari rikwiye kwikubita agashi rikagarukira ku bateshejwe izabo bahungiye hagati mu gihugu bariko baratotezwa bomorwa mu makambi bamazemwo hafi imyaka 30. Ako ni akamo k’ishirahamwe ryiyemeje kurwanya ihonyabwoko AC-Génocide igisata co muri Canada. Rikaba ryateye ako kamo kuri uyu wa 25 Mukakaro 2021, aho ryari riramutse rija kwunamira abatutsi 648 biciwe mw’ikambi y’abateshejwe izabo y’i Bugendana haraheze imyaka 25. Emmanuel Nkurunziza, arongoye iryo shirahamwe, akibutsa ko izo mpunzi n’aho ziri hagati mu gihugu, zisanzwe zikingirwa n’amategeko mpuzamakungu Uburundi bwateyeko igikumu.