Amakuru
27 juillet 2021

Ibitigiri vy’abanyagihugu babandanya bandura ikiza ca Corona bibandanya kwiyongera

Ibitigiri vy’abanyagihugu babandanya bandura ikiza ca Corona bibandanya kwiyongera muri rusangi, na cane cane mu ntara zo mu buraruko bw’Uburundi. Ivyo bikaba biteye ubwoba abanyagihugu babona ko abajejwe intwaro ataco bariko barakora mu guhimiriza abantu kugira bakurikize impanuro zo kwa muganga. Bagaterwa ubwoba n’uko mu bibanza bihuriramwo abantu benshi nk’amasoko n’ibirabo, abantu bifata nk’uko bisanzwe.