Isi iracugarijwe uyu munsi n’ubwoko bushasha bwa Delta bw’umugera wa Corona bwibonekeza kandi no muri Afrika y’ubuseruko. Igihugu c’Urwanda cashizeho itegeko ryo kugumiza abanyagihugu mu mazu yabo maze gitanguza no gupima mu kivunga ibice vyagumijwe mu mazu. Bikavugwa ko 60% vy’abanyagihugu bapimwe aribo bamaze kwandura ubwo bwoko bwa Delta. Mu Burundi naho, intara ya Kirundo iri mu ntara zibangamiwe cane n’ikiza ca Corona. Abarongoye iyo ntara bakaba baciye bategeka abanyagihugu bose kwambara agapfukamunwa.
Amakuru
23 juillet 2021