N’aho ikibazo c’impunzi z’Abarundi ziri mu gihugu ca Tanzaniya ngo kitigeze kiganirwa hagati ya Evariste Ndayishimiye, umukuru w’igihugu c’Uburundi na Samia Suluhu, arongoye Tanzaniya, Charles Nditije, arongoye umugambwe UPRONA utemewe n’ubutegetsi, avuga ko bishobora kuba vyarabaye ariko bikaganirwa mw’ibanga. Ku bwiwe, abona nyabuna ko leta y’Uburundi yasavye Tanzaniya kubandanya ihohotera impunzi kugira zitahuke, ivyotuma amakungu yongera kwizera Uburundi.
Amakuru
21 juillet 2021
