Amakuru
17 juillet 2021

Inyishu z’umukuru w’igihugu ku giturire ni izo kwikurayo

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye arifatira mu gahanga amashirahamwe arwanya ibiturire mu Burundi. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru b’Abafaransa kuri uyu wa 13 Mukakaro, Ndayishimiye yagirije ayo mashirahamwe gukorana na bamwe mu bategetsi bo muri Leta banyuruza amatungo y’igihugu. Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME riri mu yaza imbere mu kurwanya abarya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya Leta, amenyesha ko umukuru w’igihugu yakoresheje imvugo yo kwigovyora kuko ataronse inyishu y’ikibazo yari abajijwe n’umumenyeshamakuru.