Amakuru
3 juillet 2021

Uburundi buri mu minwe  y’abakoloni bafise urukoba rwirabura

Uburundi uno munsi buri mu minwe  y’abakoloni bafise urukoba rwirabura gusa. Bivugwa na Jérémie Minani, arongoye umugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi bw’i Gitega. Akongerako ko kwica, gufunga no kwangaza Abarundi vyaranga intwaro y’abakoloni arivyo n’ubu biranga ubutegetsi bw’umugambwe CNDD-FDD mbere ku rugero rwo hejuru gusumba.