Amakuru
1 juillet 2021

Ikiganiro « Kahise k’Uburundi »

Imirwi y’Abarundi ifatiye ku mibereho yagiye iratahurwa ugutandukanye, ari navyo bishobora kuba vyaravuyemwo indyane z’ubwoko n’ubu zicibonekeza mu Barundi. Bivugwa na Muganga Alphonse Rugambarara, akwirikiranira hafi ivya kahise k’Uburundi. Avuga ko Abarundi bagiye bararonka ingene bitwa bivanye n’iyo bava canke aho bamuka bigatuma bashobora gushirwa mu mirwi.