Amakuru
25 juin 2021

Ibiganiro biriko biraba hagati y’Ubumwe bwa Buraya n’igihugu c’Uburundi kugira hakurweho ibihano vyari vyafatiwe Uburundi ntaco bizoshikako

Ibiganiro biriko biraba hagati y’Ubumwe bwa Buraya n’igihugu c’Uburundi kugira hakurweho ibihano vyari vyafatiwe Uburundi ntaco bizoshikako. Ibi bishikirizwa na Emmanuel Ndereyimana, umunyamabanga nshingwabikorwa wa CFOR-Arusha. Akabivuga afatiye ku mibonano imaze iminsi hagati y’abaserukira Ubumwe bwa Buraya n’abategetsi b’Uburundi. Emmanuel Ndereyimana akabona ko bishitse Ubumwe bwa Buraya bugafata ingingo yo gukuraho ibihano vyari vyafatiye Uburundi, bizoba ari ukwongera ikibi mu kindi.