Amakuru
22 juin 2021

Abarundi bari mu buhungiro hirya no hino kw’isi ntibakwiye kwihebura

Abarundi bari mu buhungiro hirya no hino kw’isi ntibakwiye kwihebura, ahubwo ingorane barimwo zikwiye kubabera isoko ry’inguvu kugira babandanye baharanira agateka kabo ko kuba mu gihugu cabo. Aka kamo bagaterwa n’ishiramwe AC-Génocide/igisata co muri Canada. Iryo shirahamwe ryaboneyeho no kwibutsa amakungu ko hariho abarundi isinzi bahungiye hagati mu gihugu kuva mu mwaka w’1993. Emmanuel Nkurunziza, umunyamabanga w’iryo shirahamwe, agasaba amakungu gukora ibishoboka vyose kugira abo bantu basubizwe agateka kabo.