Umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu (CNIDH) ntaco wigeze ukora kugira utere imbere mu bijanye no gukingira abanyagihugu mu bijanye n’agateka ka zina muntu inyuma y’aho ukuriwe mu kibanza bita « Statut A » ugashirwa mu kibanza ca « Statut B ». Abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi baratangazwa n’ingene aho gukora ivyo umurwi ujejwe, nyabuna witaho gusa kuvanwa muri ico kibanza ata bikorwa biboneka. Umushingwamanza Vital Nshimirimana, arongoye urunani FORSC, kw’izina ry’abaharanira agateka ka zina muntu, asaba amashirahamwe ajejwe gushira bene ayo mashirahamwe mu bibanza kugumiza CNIDH muri Statut B gushika uyo murwi wihanuye. Akavuga ko n’uwurongoye uwo murwi yitwara nk’umunywanyi w’umugambwe uri ku butegetsi.
Amakuru
15 juin 2021