Amakuru
8 juin 2021

Umunsi mukuru w’imboneza yamaho woba uwo kwibuka abapfuye bazira intwaro mbi ya Petero Nkurunziza

Ni ibiterasoni kubona umunsi mukuru w’imboneza yamaho mu gukunda igihugu uzohora uhimbazwa kw’igenekerezo rya 8 Ruheshi uko umwaka utashe. Kuko uwo umunsi ngo wibutsa amabi menshi yaranze intwaro y’umuhisi Petero Nkurunziza yashengeye kuri iyo taliki. Ivyo bishikirizwa na Emmanuel Ndereyimana, yahoze ari mu ndongozi z’umugambwe CNDD-FDD imbere y’uko haba gucanamwo muri uwo mugambwe. Kuri we, iyaba Petero Nkurunziza yari kuba akiraho, yarikuba ari imbere y’ubutungane. Emmanuel Ndereyimana akabona ko ahubwo nyabuna uwo munsi mukuru woba uwo kwibuka abapfuye bazira intwaro mbi ya Petero Nkurunziza.