Amakuru
5 juin 2021

Ikiganiro « Agateka k’umukenyezi »

Umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano, waratanguje mu ndwi iheze urukwirikirane rw’ibiganiro ku gateka k’umukenyezi. Marie Louise Baricako, arongoye uwo muhari, akavuga ko kutubahiriza agateka k’abigeme n’ak’abakenyezi aha iwacu vyagaragariye cane cane mu kwimwa uburenganzira bwo kuja kw’ishure, kwimwa uburenganzira bwo guserura ivyiyumviro vy’abo, haba mu vy’intwaro canke mu vya politike, uburenganzira bwo gufata umwenda mw’ibanki, gufata amabi akorerwa abakenyezi nk’ibintu bisanzwe vyemewe, hatibagiwe kwimwa uburenganzira bwo gutorana. Marie Louise Baricako akabona ko imico n’imigenzo vyasasira indava iryo kumirwa.