Amakuru
27 mai 2021

Abatari bake baratangajwe n’ukubona leta y’Uburundi ihakana iyemezwa ry’uburenganzira bwa ONU bwo gukinga no kurwanya ihonyabwoko

Abatari bake baratangajwe n’ukubona leta y’Uburundi ihakana iyemezwa ry’uburenganzira bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bwo gukinga no kurwanya ihonyabwoko. Ivyo bigashobora kugirira ingaruka mbi igihugu. Ku bwa Me Gustave Niyonzima, arongoye urunani rw’abashingwamanza baburanira abakorewe amabi y’agahomerabunwa mu Burundi (CAVIB), ivyo bizotuma isura y’igihugu ibonwa nabi kurusha, n’ibihano cafatiwe ntibikurweho. Me Gustave Niyonzima akabona ko iyo leta nyene yivuguruza mu guhakana ubwo burengenzira bwa ONU kandi idahengeshanya kuvuga ko ubwicanyi bwabaye mu 1972 bwari ihonyabwoko.