Uyu munsi isi yose ihimbaza imyaka 45 irangiye hemejwe amasezerano mpuzamakungu yo kwubahiriza agateka ka zina muntu, uwo munsi ngo uhuriranye n’uko mu Burundi ako gateka ka zina muntu kabandanya gahonyangwa. Ivyo bikavugwa n’umushingwamanza Gustave Niyonzima, icegera c’uwurongoye urunani ruburanira abakorewe amabi ahanwa n’amasentare mpuzamakungu (CAVIB). CAVIB ikaboneraho gusaba sentare mpuzamakungu CPI kwihutisha amatohoza kugira abakoze ayo mabi mu Burundi bahanwe.
Amakuru
23 mars 2021