Amakuru
23 mars 2021

ACAT-Burundi irababazwa n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu kariko karakorerwa abanyororo

Ishirahamwe rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ACAT-Burundi rirababazwa n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu kariko karakorerwa abanyororo. Iryo shirahamwe ribivuze rifatiye ku kungene itegeko ry’umukuru w’igihugu ritanga ikigongwe ku banyororo barenga 5000, ritarashirwa mu ngiro kuva italiki 5 z’uku kwezi. Me Jean Claude Ntiburumunsi, ajejwe igisata c’amategeko muri ACAT-Burundi, avuga ko iyo haba hari ubutungane mu Burundi bukora neza, abo bose bareganywa boshobora kubwitura bukabatunganiriza. ACAT-Burundi irasaba umushikiranganji w’ubutungane ko yoshira mu ngiro iryo tegeko ry’umukuru w’igihugu.