Amakuru
15 mars 2021

Uko ivyerekeye Covid-19 vyifashe

Ibiharuro vy’abandura Covid-19 biriko biragabanuka mu gihugu kibanyi c’Urwanda. Abatari bake bakibaza ko leta ishobora no kugabanya ingingo zijanye no gukinga ico kiza. Muri Tanzaniya naho, ikibazo co kumenya aho umukuru w’igihugu Magufuli ari kibandanya kibazwa, abatari bake bakaba batemera insiguro leta itanga. Abanyaburaya nabo ubu bakaba bategekanya gushiraho urupapuro bita « certificat vert » kugira umuntu azoshobore gufata ingendo mu muryango w’ibihugu vya Buraya.