Amakuru
11 mars 2021

Mu kibazo gitanga uburenganzira bwo kwinjira mu gisata c’ubuganga giherutse gukorwa muri Kaminuza y’Uburundi, amanota 62 kw’ijana  niyo yafatiweko  ku banyeshure bize mu mashure y’akarorero

Mu kibazo gitanga uburenganzira bwo kwinjira mu gisata c’ubuganga giherutse gukorwa muri Kaminuza y’Uburundi, amanota 62 kw’ijana  niyo yafatiweko  ku banyeshure bize mu mashure y’akarorero, bita Ecoles d’excellence. Aho ni mu gihe abahejeje ku mashure yandi basabwa kuba baronse amanota ashika kuri 70 kw’ijana. Umuhinga muvy’indero Charles Nditije, akaba n’umwarimu wa Kaminuza, akabona ko ari akarenganyo kubona abanyeshure bakora ikibazo kimwe, ntibarabirwe ku manota amwe.