Amakuru
9 mars 2021

Ishirahamwe ACAT-Burundi rirashima ingingo y’umukuru w’igihugu iha ikigongwe abanyororo barenga ibihumbi bitanu

Ishirahamwe rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ACAT-Burundi rirashima ingingo y’umukuru w’igihugu iha ikigongwe abanyororo barenga ibihumbi bitanu. Kubwa Jean Claude Ntiburumunsi, ajejwe igisata c’amategeko muri ACAT-Burundi, iyo ngingo izotuma igitigiri c’abafungwa kigabanuka. Iryo shirahamwe riranegura ariko ingene iyo ngingo iterekeye abafunzwe bagirizwa imyiyerekano yo mu 2015 hamwe n’abanyepolitike batavuga rumwe na Leta.