Abantu 10 nibo bamenyekanye ko banduye umugera wa Corona mw’ibohero rikuru rya Mpimba mu mpera z’indwi iheze. Ivyo bitigiri vyavuye mu bipimo vyakozwe ku bakozi b’ibohero na bamwe mu banyororo. Muri abo bantu 10, 3 ni abanyororo, 7 nabo bagizwe n’abakozi b’ibohero hamwe n’abajejwe ivuriro ryo ngaho mu Mpimba. Ubuyobozi bwaciye bufata ingingo yo guhagarika imanza zose mu kiringo c’indwi zibiri ariko bikaba bitanezereje abanyororo. Bakaba bidoga ko isuku risanzwe atako ryifashe muri iryo bohero kubera ibitigiri vy’umurengera.
Journal
5 mars 2021