Amakuru
13 octobre 2026

Igihano co gupfa mu Burundi carahinduye isura, ariko ntikirakurwaho (A. Niyongere)

Ubwicanyi buba mu Burundi, eka mbere n’imvugo zishikirizwa na bamwe mu bategetsi, birateye amakenga ko igihano co gupfa gishobora kugarukanwa, na cane cane ko Uburundi gushika ubu butashize umukono ku masezerano ya burundu akuraho ico gihano. Bishikirizwa n’umushingwamanza Armel Niyongere, arongoye ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu (ACAT-Burundi), mu gihe iryo shirahamwe ryatanguje isekeza ryo kwiyamiriza ico gihano kuva kw’igenekerezo rya 10 Gitugutu, umunsi wahariwe kurwanya igihano co gupfa. Umushingwamanza Niyongere abona ko ubwicanyi ndengerabutungane bukorwa n’inzego za Leta, buri mu vyerekana ko igihano co gupfa mu Burundi kikiriho n’aho bitavugwa. Asaba inzego za Leta zemeza amategeko ko zitohirahira ngo zemeze itegeko rigarukana ico gihano nk’uko bikiri mu bihugu bimwe bimwe.