Amakuru
3 mars 2021

Biratangaje kubona mu rubanza RPC 100 abagirizwa n’ubutungane bw’Uburundi ko bashatse gutembagaza ubutegetsi mu mwaka w’2015 babura n’umushingwamanza yemera kubaburanira

Biratangaje kubona mu rubanza RPC 100 abagirizwa n’ubutungane bw’Uburundi ko bashatse gutembagaza ubutegetsi mu mwaka w’2015 babura n’umushingwamanza yemera kubaburanira. Bivugwa n’umushingwamanza Armel Niyongere, umwe mu baharanira agateka ka zina muntu ari mu baherutse gucirirwa umunyororo w’ubuzima bwose muri urwo rubanza. Akavuga ko ivyo biva ku ntwaro ishingiye kw’iterabwoba iri mu Burundi, kuva mu mwaka w’2015. Ingaruka yavyo ikaba ari uko igihugu kitagendera ku butungane, inzego zitandukanye nazo ntizikore mu bwigenge.