Amakuru
28 juillet 2024

Kuriha ikori ku miduga aho banyweshereza igitoro, ni ikori ryiyongereye ku yandi y’umurengera

Ikigo kijejwe kwegeranya amakori (OBR) giherutse kumenyesha ko hagiye kurihishwa ikori ry’imiduga ku bundi buryo aho rigiye kurihirwa aho basanzwe banyweshereza ibitoro. Kuva ubu, iryo kori rizohora ririhishirizwa kuri station umuntu agiye kunywesha, arihe amafaranga 75 kw’ilitiro. Ivyo bikaba bitandukanye n’uko vyahora bikorwa aho imodoka yarihishwa ku mwaka bivanye n’ubwoko bwayo hamwe n’ubushobozi bwayo bwo gutwara ibintu n’abantu. Abakoresha amabarabara bakabona ari uburyo leta yafashe mu kuduza amafaranga yo kwiyunguruza biciye muri iryo kori.