Ugutsinda amatora kwa FPR-Inkotanyi mu Rwanda ntigutangaje kuko yabohoye igihugu kandi ihagarika ihonyabwoko. Bivugwa na Maria Malagardis, umumenyeshamakuru w’ikinyamakuru Libération co mu gihugu c’Ubufaransa. Uwo mumenyeshamakuru yari mu Rwanda igihe ca jenoside mu 1994 amenyesha ko FPR-Inkotanyi yateje imbere Urwanda bidasanzwe mu bice vyose. Agasaba Abanyaburaya banebagura ubutegetsi bwo mu Rwanda kureka Abanyarwanda bakihitiramwo inzira yabo yo gutunganya igihugu.
Amakuru
20 juillet 2024