Leta ngo yari ikwiye gukura akarenge mu mashirahamwe amwe amwe kugira ashobore kunaguka no gutera imbere. Ku bw’umutumire w’ikiganiro « Karahara mu ruganda ntibacura », gitegurwa n’urunani rw’ibimenyeshamakuru Radiyo Inzamba, RPA hamwe na Télévision Renaissance, Serges Ntirampebura, umuhinga mu vy’ubutunzi, ngo amashirahamwe ya leta yose asa n’ayahomvye kubera leta itunganya nabi ayo mashirahmwe kandi kubera ko hari amashirahamwe yashizwe mu minwe ya leta bitari ngombwa.
Amakuru
31 mai 2024