Amakuru
25 février 2021

Ishirahamwe OMS ryiyemeje gushumbusha abantu urucanco rwa Covid-19 rutanzwe mu mugambi Covax ruzogirira ingaruka mbi

Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y’abantu OMS ryiyemeje gushumbusha abantu urucanco rwa Covid-19 rutanzwe mu mugambi Covax ruzogirira ingaruka mbi. Ivyo OMS yabishikirije mu gihe igihugu ca Ghana cari cakiriye ku munsi wa gatatu uducupa twa mbere tw’urucanco rwa Covid-19 dutanzwe n’uwo mugambi Covax. Urwo rukingo rutangwa kwa gusa kugira rutume ibihugu vyose, ibitunze n’ibikenye, bishobore kuronka ku rugero rumwe urukingo rw’ico kiza. Ibindi bihugu muri Afrika bikaba birindiriye kururonswa.