Amakuru
24 février 2021

Ivyerekeye Covid-19 ku mugabane wa Afrika

Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya John Pombe Magufuli yahinduye imvugo. Akaba aheruka kwemera ko ikiza ca Covid-19 gihari mu gihugu arongoye, agahimiriza abanyagihugu kwikingira. Mu Rwanda naho, abafatwa bariko baragabanuka, ingingo yo kuguma mu nzu ikaba yakuweho. Hama muri Sénégal, isekeza ryo gukinga abanyagihugu rikaba ryatanguye.