Amakuru
22 février 2021

Ishirwa mu ngiro ry’itegeko rishasha ryo gukingira ibidukikije risaba ko abategetsi b’igihugu bakuru babigiramwo uruhara, kuko biboneka ko abatuma ico gisata kitagenda neza ari bamwe mu bafise ububasha bukomeye mu gihugu

Ishirwa mu ngiro ry’itegeko rishasha ryo gukingira ibidukikije risaba ko abategetsi b’igihugu bakuru babigiramwo uruhara, kuko biboneka ko abatuma ico gisata kitagenda neza ari bamwe mu bafise ububasha bukomeye mu gihugu. Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji w’ibidukikije Déo Guide Rurema ku munsi wa gatatu igihe yariko arasigura itegeko rishasha ryo gukingira ibidukikije imbere y’abashingamateka. Yavuze ko iryo tegeko rishasha rizofasha kugira abo bose biha ububasha bwo kwubaka mu bibanza bibujijwe cane cane vyo ku nkengera y’ikiyaga ca Tanganyika, bashirwa ahabona.