Amakuru
20 février 2021

Ishirahamwe OMS ryatanze ibitigiri vyerekana igabanuka ry’umurindi w’abandura n’abahitanwa n’indwara y’ikiza ca Corona

Ishirahamwe ryitaho amagara y’abantu kw’isi ryatanze ibitigiri vyerekana igabanuka ry’umurindi w’abandura n’abahitanwa n’indwara y’ikiza ca Corona. Muri Amerika, abandura ubu bari munsi y’ibihumbi ijana ku munsi. Mu Bufaransa co kimwe no mu Rwanda, ivyo bitigiri vyagabanutse naho nyene. Ariko igihugu ca Colombiya co cararengeje igitigiri c’abantu  ibihumbi 50 bahitanwa n’ico kiza. Igishimije n’uko muri ico gihugu, isekeza ryo gucandaga abantu rizotangura kuri uyu wa 20 Ruhuhuma.