Ivyo abategetsi b’Uburundi bagiriza igihugu c’Urwanda nta fatiro bifise, ntibinasigura ko hari guca hafatwa ingingo zo kwugara imipaka basangiye bompi. Bisigurwa na Alain Mukuralinda, icegera c’umuvugizi wa leta y’Urwanda mu kiganiro yahaye ikimenyeshamakuru Kigali today mu mpera z’indwi iheze. Alain Mukuralinda yibutsa ko abategetsi b’Uburundi bagifise bamwe mu bagirizwa kuba baragize uruhara mw’ihonyabwoko ry’Abatutsi ryabaye mu 1994 ariko ivyo bitatumye baca bugara imipaka basangiye n’Uburundi. Alain Mukuralinda abona ko ibiganiro ari vyo vyonyene bishobora gufasha kugira hagaruke icuka ciza.
Amakuru
15 janvier 2024