Amakuru
7 mars 2024

UA ntikwiye gushigikira SADC ikorana n’imirwi y’iterabwoba muri Congo (A. Mukuralinda)

Leta y’Urwanda isaba Umuryango uhurikiyemwo ibihugu vya Afrika kudashigikira umugambi wa SADC wo kuja gufasha igisoda ca Congo kurwanya M23. Biri mw’ikete umushikiranganji w’Imigenderanire ya leta y’Urwanda n’ayandi makungu Vincent Biruta yandikiye Moussa Faki Mahamat, uwo muryango w’ubumwe bwa Afrika. Alain Mukuralinda, icegera c’umuvugizi wa leta y’Urwand,a amenyesha ko icatumye bandika iryo kete ari kugira bamenyeshe uwo muryango ko ugushigikira ingabo za SADC zikorana n’abacangero hamwe na FDLR kwogira ingaruka nyinshi ku mutekano wo mu karere.