Amakuru
15 février 2024

Urwanda ruratewe amakenga n’umurwi uwo ari wo wose wifatikanije na FDLR

Leta y’Urwanda irarajwe ishinga n’ibikorwa vy’intambara bikorerwa hamwe hagati y’ingabo za ONU ziri kugarukana amahoro muri Congo, iz’umuryango wa SADC hamwe n’umurwi w’iterabwoba w’Interahamwe wakoze ihonyabwoko ry’Abatutsi mu Rwanda. Bishikirizwa n’icegera c’umuvugizi wa leta Alain Mukuralinda, mu gihe hasanzwe hari intambara zikomeye mu karere k’ubuseruko bwa Congo, intambara zimaze igihe kinini hagati y’umuhari M23 n’ingabo za Congo zifatikanije n’abo bafashanya bose. Inzira y’ibiganiro ikaba ari yo ishirwa imbere n’abasanzwe bakwirikiranira hafi ico kibazo.