Umukuru w’Igihugu c’Uburundi abona ko abahuza ibitsina babisangiye bakwiye kwicwa. Yabishikirije mu ntara ya Cankuzo ku wa gatanu uheze ariko yishura ibibazo vy’abamenyeshamakuru n’abanyagihugu. Ariko bamwe mu baharanira agateka ka zina muntu babona ko ivyashikirijwe na Evariste Ndayishimiye ari agahomerabunwa.
Abategetsi b’Uburundi mbere n’abanyagihugu bokwigenza gute inyuma y’ayo majambo abiba urwanko yashikirijwe n’umukuru w’Igihugu ?