Amakuru
16 février 2021

Amabi ajanye n’isinzikarizwa ubuzima, kubuzwa uburenganzira bwo kuja kwivuza n’ubwinshi bw’abapfungwa mu mabohero atandukanye, ni bimwe mw’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu rikorerwa abapfungwa nk’uko bimenyeshwa n’ishirahamwe ACAT-Burundi

Amabi ajanye n’isinzikarizwa ubuzima, kubuzwa uburenganzira bwo kuja kwivuza n’ubwinshi bw’abapfungwa mu mabohero atandukanye, ni bimwe mw’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu rikorerwa abapfungwa nk’uko bimenyeshwa n’ishirahamwe ACAT-Burundi. Mu cegeranyo caryo co mu kwezi kwa mbere, ACAT-Burundi itunga agatoke muri ayo mabi abapfungwa bari mu mugambwe CNDD-FDD, bakayakora bafashijwe n’abarongoye amabohero.