Amakuru
13 février 2021

Kubona hari abarundi 34 baherutse gucirirwa urubanza na sentare ntahinyuzwa y’Uburundi, ikabacira urubanza rwo gufungwa ubuzima bwabo bwose, ngo ni ikimenyestso cerekana ko n’ubu ubutegetsi bwa CNDD-FDD bugitoteza abaharanira agateka ka zina muntu

Kubona hari abarundi 34 baherutse gucirirwa urubanza na sentare ntahinyuzwa y’Uburundi, ikabacira urubanza rwo gufungwa ubuzima bwabo bwose, ngo ni ikimenyestso cerekana ko n’ubu ubutegetsi bwa CNDD-FDD bugitoteza abaharanira agateka ka zina muntu. Muri bo, harimwo abamenyeshamakuru, abo mu mashirahamwe yigenga hamwe n’abanyepolitike batavuga rumwe na Leta. Kw’izina ry’amashirahamwe 18 yashoye urwandiko kuri uyu wa kane rwiyamiriza urwo rubanza, umushingwamanza Vital Nshimirimana avuga ko urwo rubanza rufise intumbero yo kuburabuza abariko barakorana n’ubutungane mpuzamakungu mu gukurikirana bamwe mu bategetsi bagirizwa ivyaha vyo kutubahiriza agateka ka zina muntu.