Médias
13 février 2021

Urwego CNC rujejwe gucungera ingene ibimenyeshamakuru bikora rwagiriza ibimenyeshamakuru bikorera mu buhungiro ko vyanse kwitaba ibiganiro vy’ingene ivyo bimenyeshamakuru vyosubira gukorera mu Burundi

Urwego CNC rujejwe gucungera ingene ibimenyeshamakuru bikora rwagiriza ibimenyeshamakuru bikorera mu buhungiro ko vyanse kwitaba ibiganiro vy’ingene ivyo bimenyeshamakuru vyosubira gukorera mu Burundi. Nestor Bankumukunzi, arongoye ico kigo, avuga ko abaje bakaganira bagejeje kure ibiganiro. Yabishikirije kuri uyu wa gatanu igihe co guhimbaza umunsi wahariwe iradiyo.