Abakenyezi bapfungiwe mw’ibohero ry’i Muyinga bakwiye kwumvirizwa ha gutotezwa. Ako ni akamo gaterwa n’umuhari Inamahoro. Aho ni inyuma y’aho ku munsi wa mbere itariki 21 Myandagaro hafashwe ingingo z’uko ata n’umwe muri abo bakenyezi arekuriwe kwivuza, canke ngo aronswe indya ziguriwe hanze. Uwo munsi nyene aho bapfungiwe uburongozi bw’ibohero bwaciye bubacira amatara. Ivyo bikaba vyatumye bafata ingingo yo kwisonzesha iminsi ine, uhereye kuri uyu wa kabiri. Ku bwa Marie Louise Baricako, arongoye uwo muhari, ngo iryo totezwa riciye kubiri n’amategeko y’igihugu, hamwe n’amategeko mpuzamakungu akingira agateka ka zina muntu.
Amakuru
23 août 2023