Amakuru
10 février 2021

abantu 33 baragandaguwe, 3 baranyuruzwa, 36 barahagarikwa bidaciye mu mategeko

Mu cegeranyo casohowe n’ishirahamwe rukristu rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ACAT-Burundi c’ukwezi kwa Nzero 2021, cerekanye abantu 33 bagandaguwe, 3 banyurujwe, 36 bahagaritswe bidaciye mu mategeko, harimwo n’ayandi mabi. Abagirizwa ayo mabi ni Imbonerakure, bamwe mu bajejwe umutekano na bamwe mu bakozi b’iperereza. Bishikirizwa na Augustin Nimubona, ari mu gisata co kumenyesha amakuru mw’ishirahamwe ACAT-Burundi. Iryo shirahamwe risaba leta y’Uburundi guhagarika iryo hohoterwa rya kiremwa muntu.